Abanyeshure 2281 babigeme barahevye ishure mu ntara ya Ruyigi

0

Benshi murabo banyeshure bakaba bahevye ishure mu guhurumbira kuja kwubaka abandi bakaba baratwaye inda zindaro ari naho guca birukanwa kwishure. Bakaba bamara umwaka batiga bagiye kwibaruka bagashobora gusubira kwishure inyuma yaho ariko benshi birabagora cane.

Abajejwe indero mur’iyo ntara ya Ruyigi bakavuga kwivyo bitumwa no guhurumbira amaronko ya hafi y’abakobwa bagahendwa n’abantu babahendesha ibintu. Abo bajejwe indero mu ntara ya Ruyigi bakavuga kw’abandi nabo bahebeshwa ishure n’ukutiyemera ko bashobora gushika kure mu buzima bwabo.

Mu gihe Uburundi buri mu ndwi yahariwe umukenyezi, amashirahamwe aharanira agateka k’abakenyezi asaba abo bigeme kuja muma club kugira baganire ku ntambanyi bahura nazo mu gihe bari ku ntebe y’ishure. Mwomenya ko abajejwe intwaro hamwe hamwe mu gihugu bafatira ingingo abigeme bakiri bato gusubira gutembera inyuma y’isaha ya 12 zo kumugoroba. Benshi mu bahanira agateka ka zina muntu bakabona kw’iyo ngingo ariyo guhohotera agateka k’abigeme.