Umucanwa waradutse mw’isoko yo mu Rukaramu muri commune Mutimbuzi mw’ijoro hagati ryo kur’uyu wa kane. Abadandaza bashika 500 nibo baburiye ibintu muriryo soko. Kizimyamwoto yaragerageje kunyaruka ariko yasanze umuriro wasnzaye mw’isoko. Iryo naryo rikaba ricubatse mu mbaho mu gihe henshi bariko barahindura udukiyoske batwubaka mu vyuma.

Mustanteri mfata kibanza wa commune Mutimbuzi akaba yariyamirije abashira utuzu tw’uburiro mw’isoko aho yiyumvira ko umuriro wavuye mur’utwo tuzu. Akaba asaba abagira neza kuza kugarukira kur’abo badandaza. Abo nabo bakaba bari mu marira menshi kuko ariho bakura ico babeshaho abandi nabo bari mu madeni ya mabanki.
Mwomenya kw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye itariki 27 nzero 2013, ikaba iri mumasoko yambere yatanguye gusha, nubu ikaba itarasubirwamwo, abahora bayikoreramwo bimuriwe mw’isoko yo kuri COTEBU. Hakaba haheruka gusha amasoko y’i Matana na mu Kayanza, Kamenge, Kiremba Musaga, isoko ya Ngozi, isoko ya Bugenyuzi muri Karusi ikaba imaze gusha kabiri kose.
Icegera c’uwurongoye ishirahamwe ry’abadandaza, SYGECO, Martin Sindaruhuka, aratangazwa nuko atanumwe arafatwa murubwo bugizi bwa nabi.





Recent Comments