Reverien Ndikuriyo ahanura abo muri Bujumbura kuvyara abana batatu canke bane

0

Mu nama yariko arakoresha abajejwe intwaro muri commune Mukike, umukuru w’Inama nkenguzamateka, Reverien Ndikuriyo, yarabasavye guhimiriza abanyagihugu kuvyara abo bashobora kurere no gushira mw’ishure. Reverien Ndikuriyo yaratangajwe n’ingene abagabo aho bagiye gukorera canke gutembere bahasiga umwana, abo bana bagakura batagira base kuko babihakanye.

Reverien Ndikuriyo aributsa ko mu migenzo y’ikirundi atamwana akura atagira se. Ati biratangaje kubona umugabo n’umugore bapanze inzu bavyara abana bashika umunani. Inama nkiyo ikaba yabandanirije muri commune Nyabiraba.

Kuruhande rwiwe Pascal Nyabenda, umukuru w’Inama Nshingamateka, aho yari kur’uyu wa kane mu ntara ya Bubanza yarasavye abakobwa baho kutihutira kurongorwa canke guhendwa n’amahera y’abatwara za moto canke abadandaza mu mabutike. Pascal Nyabenda yibutsa abo bakobwa ko umugabo mukuru ari diporome.