Kur’uyu wa kane niho hatahuka impunzi zishika 88 zavuye mw’ikambi ry’impunzi ry’Induta mu gihugu ca Tanzania. Izo mpunzi zikaba zashikiye mu kibanza categuwe n’ishirahamwe mpuzamakungu HCR ifatikanije na Leta y’Uburundi kiri mu ntara ya Muyinga. Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu no gukundisha igihugu, Pascal Barandagiye niwe yagiye kwakira izo mpunzi.

Ku mpunzi 13 000 bari biyandikishije ngo batahuke hatashe gusa abashika 88. Pascal Barandagiye abonako ishirahamwe mpuzamakungu HCR ritariko rivyifatamwo neza ngo kuko hari abarundi benshi bifuza gutaha. Pascal Barandagiye yasavye abo batahutse na HCR gutanga amakuru meza ku Burundi.
Umushikiranganji w’intwaro yo hagati no gukundisha igihugu yamenyesheje abo batashe ko baronswa ivyo bazofungura amezi atatu n’amahera atavuze igitigiri kugira barindire ibitegwa vyabo vyere bamaze gukubita isuka hasi. Yarasavye izo mpunzi kurima imboga n’amashu vyimbuka ningoga. Pascal Barandagiye yarabasavye kandi kwitabira ibikorwa vy’iterambere bamaze gushika mu mihana yabo.
Ivyo biruko mu gihe hari amashirahamwe mpuzamakungu yakoze ivyigwa kurizo mpunzi zihunguka, ivyo vyigwa vyasanze ko hari ubwoba mu mpunzi ku matora yo mu 2020 n’ingene izo mpunzi zifatwa zishitse mu mihana aho zibazwa igituma zahunze.





Recent Comments