Imicafu yose iva mu gisagara ca Bujumbura ija gutabwa muri zone Buterere. Muri kino gihe imiduga 8 itwara imicafu muri ico kibanza yarahagaritswe n’abenegihugu begereye aho hatabwa iyo micafu. Impavu iyo miduga ita ubucafu aho ibonye kuburyo imicafu yegereye cane imihana yaho ku Buterere mbere n’ibarabara rishikayo rikaba rizibiye kubera iyo micafu.

Abanyagihugu baba ngaho ku buterere bakaba bamenyesheje ko bashobora kwandura ingwara kubera iyo micafu yegereye iyo mihana arico catumye bahagarika iyo miduga eka ngo n’abanyeshure baja kwiga bakaba batakironka aho baca. Abatwara iyo miduga bobo bavuga ko ari uruhombo runini kuko iyo miduga yabo ihagaze itariko irakora. Bakavuga ko ibarabara bahora bacamwo ryononekaye kuburyo rigoye kuricishamwo imiduga.
Abakozi ba mairie bakaba barishikiye murico kibanza kumusi wa gatandatu barikumwe n’abakora muri SETEMU n’uwujejwe umutekeno muri zone Buterere bita chef de poste mu kinofunofu. Aba nabo bakaba basavye ko hoza imachine igakora iryo barabara bahora bacamwo. Abo batwara iyo miduga bakavuga ko haheze imisi irenga itatu ico gikorwa kitarakorwa nabo bicaye.
Mwomenya ko aho nyene muri zone Buterere ariho hajanwa amazi mabi yo mu mihana no mumahinguriro yo mu gisagara ca Bujumbura. Ariko ikibanza cari carateguwe kidakora neza kuko ibibanza vyinshi vyatanzwe birubakwamwo bigatuma amazi mabi ajanwa mu nzuzi zisuka mu kiyaga Tanganyika, abahawe ibibanza nabo murico kibanza co gusukamwo amazi mabi bagashobora kwandura ingwara. Reta ikaba yasavye abo bantu bahubatse kwimuka mu maguru masha, abo bantu nabo bakavuga ko bakavuga ko baharonse biciye mu mategeko ko boronswa imizibukiro.





Recent Comments