Imiryango 100 yo muri zone Gatete irasaba imizibukiro

0

Kuva aho haje kur’uyu wa gatanu abantu b’abarabu mu kibanza Mandela City kiri muri zone Gatete, komine Rumonge, abenegihugu bafise amatongo baragize amakenga bibaza ko bagiye kunyagwa amatongo yabo. Abo barabu bavuye mu gihugu ca Arabi Saoudite bakavuga ko bagiye kuhubaka imisigiti, amazu ya kijambere, amashure, amavuriro, amatara n’amazi n’amabarabara.

Abenegihugu bafiseho amatongo bakavuga ko ibikorwa vyo kuhategura vyobanza bigahagarara kugira babanze bumvikane kumuzibukiro bazohabwa. Bakavuga kandi ko ibiganiro vyari vyatanguye barikumwe n’ishirahamwe ririko rirategura ico kibanza, bakavuga ko ariko ivyo biganiro bishobora kwononekara kuko hajemwo abandi bantu. Mu biganiro bakaba bariko barumvikana ibibanza n’imizibukiro bazoronswa ku muryango 100 ifiseyo amatongo. Abo benegihugu bagasaba kwibiganiro vyobandanya kugira bumvikane neza.

Mwomenya ko igihe aba barabu bariko baragendera ico kibanza ciswe Mandela City, icegera cambere c’Umukuru w’igihugu, Gaston Sindimwo, yamenyesheje ko ico kibanza kizoca gihindura izina citwe Nkurunziza City.  Aho ni mugihe mu kibanza c’ubatswemwo ingoro y’umukuru w’igihugu iri mu Gasenyi komine Mutimbuzi abenegihugu bimuwe batararonswa imizibukiro yabo. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa akaba yamenyesheje ko ico kibazo kiriko kirirwa.