UBM News ads

Umushikiranganji w’ubutunzi arasigura umugambi w’igihugu w’iterambere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Domisiyano Ndihokubwayo, umushikiranganji w’ubutunzi, amafaranga akoreshwa mu gihugu no gufashanya muvy’ubutunzi, yarakoranije kur’uyu wa mbere ibisata bitari bike vy’igihugu mu ntumbero yo gusigura umugambi w’igihugu w’iterambere.

Uwo mugambi ukazotwara imiriyaridi zirenga gato 20 ukazomara imyaka icumi (2018-2027). Uwo mugambi ukazokora kubisata vyose vy’igihugu. Mur’iyo nama umushikiranganji  w’ubutunzi yamenyeshe kwahanini uwo mugambi uzoshimikira cane ku migambi yo kwongereza umuyagankuba, gukomeza gufashanya n’ayandi makungu muvy’ubutunzi hamwe no gukingira ibidukikije.

Umushikiranganji w’ubutunzi, Domisiyono Ndihokubwayo, yarasavye abashingamateka bitavye iyo nama ko bogenda mu benegihugu babatoye bagasigura uwo mugambi kugira abanyagihugu bawumve neza.

Uwo mugambi w’igihugu w’iterambere ukaba wateguwe n’abahinga 70 b’abarundi. Mukamenya ko amashirahamwe mpuzamakungu ashaka gukorera mu Burundi abanza kwiyemeza kuzokwirikiza uyu mugambi.

Ivyo biruko mugihe ibiharuro vy’ikigo ISTEEBU vyerekana kw’ibice 65 vy’ugwaruka bitagira akazi kandi ko mu mwaka w’i 2050, imiriyoni 15 z’abantu bize bazoba batagira akazi bakora.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments