Martin Nivyabandi amenyesha ko Uburundi buzokubahiriza agateka ka zina muntu

0

Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu, Martin Nivyabandi, avuga ko ari umunezero kuri Leta y’Uburundi kubona ibiro bijejwe kubahiriza agateka ka zina vya ONU vyugara. Martin Nivyabandi amenyesha ko Leta y’Uburundi yari yabisavye ico gisata ca ONU kuko kuri Leta y’Uburundi agateka agateka ka zina muntu karubahirijwe mu Burundi.

Martin Nivyabandi yibutsa ko ico gisata ca ONU kijejwe gucungera iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu caje gukorera mu Burundi  mu mwaka w’i 1995 aho hari intambara mu gihugu. Umushikiranganji w’agateka ka zina muntu akabona ko ico gihe carenganye ko muri kino gihe ico gisata atakazi kigira kuko agateka ka zina muntu kubahirijwe.

Martin Ntivyabandi wewe abona ko uburyo bwahora bushirwa murico gisata ari bwinshi ahubwo bwoshirwa mubindi bisata vy’ubutungane n’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike akorera mu gisata co kubahiriza agateka ka zina muntu.

Martin Nivyabandi arahumuriza abarundi ko agateka ka zina muntu kazokubahirizwa kuko inzego z’igihugu zose ziri mur’ico gisata zikora neza. Aramenyesha kandi ko bazoguma bakorana n’ivyo bureau vya ONU bijejwe kubahiriza agateka ka zina muntu kandi ko ubu atakintu gishobora kuba kw’isi ngo ntikimenyekane kuko ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru bwateye imbere cane.