UBM News ads

Muyinga: Abana b’abigeme barabujijwe kuba bari hanze inyuma y’isaha 12 z’umugoroba.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu rwandiko rwashizwe ahabona n’intara ya Muyinga, harimwo ingingo zikaze kugira ngo abana b’abigeme babakingire guheba ishure no gutwara inda batipfuza.

Muri urwo rwandiko, abana b’abigeme barabujijwe kuba bari hanze inyuma y’isaha 12 z’umugoroba. Abakiri bato kandi barabujijwe kuja muri bwa butambiro bw’ijoro(boites de nuit).

Ivyo vyafunditswe inyuma y’aho hibonekeje ko bituma haba uguheba ishure cane muri iyo ntara, eka mbere no mu gihugu cose.

Ariko rero, abihweza ibintu n’ibindi barabona ko agateka k’abana katoba kubahirijwe, eka mbere bamwe bakavuga ko bafatiwe ingingo n’ubuyobozi bw’intara kw’isaha yo gutaha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments