Abantu 4 baraye bishwe mu bunywero buri muri zone Gatumba

0

Hari isaha zine zijoro kur’uyu wa gatandatu aho amasasu y’umvikana mu bunywero bita Kumbingo. Umuporisi yitwa Nizigiyimana Leopold, yari yanyoye inzoga, yarasa mugenzi we Magenge Leopold Jean n’abandi bari mu kabare bakaba barashikiriwe.

Batatu mu bariko banywera ngaho baciye bitaba Imana n’uyo mu porisi mugenzi we. Abandi bane bariko banywera mur’ubwo bunywero barakomereste baca bajanwa mu bitaro. Ayo makuru tukaba tuyakesha umuvugizi w’igiporise, Petero Nkurikiye. Akamenyasha ko uwo mu porise yamaze gufatwa akazocirwa urubanza rw’ikibiriraho mu mwanya uri imbere.

Abenegihugu bariko baranywera aho bobo bakavuga ko uwo mu porisi yariko arashwana n’umukobwa aho kurako kabare niho guca arasa abantu bamwegereye. Abo benegihugu bagasaba ko inkoho z’abajejwe umutekano zo koreshwa neza atari kurasa abo zijejwe gukingira.