Abapolisi babujijwe gutwara ikigwanisho canke impuzu z’akazi mu bubare.

0

Inyuma y’aho hiyadukirije umupolisi umwe yarashe abantu bariko bivuna akanyota mu Gatumba mu ntara ya Bujumbura, ubuyobozi bukuru bw’igipolisi bwafashe ko guhera ubu ata mupolisi yemerewe kuja mu bubare atwaye ikigwanisho canke yambaye impuzu z’akazi inyuma y’amasaha y’akazi.

Muri urwo rwandiko rwarungikitwe ama comisariya yose y’igipolisi, harimwo kandi itegeko ribuza abapolisi gufata amafoto canke ama video mu gihe bari kukazi mu gihe habaye amasnaganya hama akarungikwa kuri internet.

Muri urwo rwandiko rwasinywe na Melchiade Ruceke, umuyobozi mukuru mu bugenduzi bw’Igipolisi, hamenyeshwa ko amafuti y’abapolisi yagwiriye muri iyi misi ya none.

Muri urwo rwandiko kandi, umupolisi azofatwa afise grenade azofatwa ko ari inkozi y’ikibi kuko ama grenades afise ikibanza yagenewe kubikwamwo.

Umutekano muri ino misi wari wifashe neza mu Burundi naho haza haracamwo ibihe bimwe bimwe biza biwuhungabanya.

 

LEAVE A REPLY

Please enter your comment!
Please enter your name here