UBM News ads

Haracasigaye uburyo butari buke kugira inyubakwa nshasha ya mairie ya Bujumbura ihere

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Amafaranga ahakwa kungana 370 000 y’amadorari y’abanyamerika, hafi 1.000.000.000 y’amafaranga y’amarundi, niyo abuze kugira inyubakwa nshasha ya mairie ya Bujumbura bitiriye ‘’ Hotel de Ville ’’ irangire kubakwa.

Ivyo bikavugwa n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy Mbonimpa. Ayo mahera akazova mw’Ibanki nkuru y’igihugu yari yatanze igice ca mbere kugira iyo nyubakwa yamagorofa ashika atanu ishobore kuduzwa. Freddy Mbonimpa akamenyesha ko iyo nyubakwa yashizwemwo ca Cuma bita ascenseur kiduza abayigenderamwo kuburyo bwatanzwe n’Ibanki nkuru y’igihugu.

Ayo mafaranga akazoca amarira ibikorwa vyanyuma nkuko Freddy Mbonimpa, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, yari yabimenyesheje mukwezi k’umunani 2018, aho hari hategekanijwe kw’iyo nyubakwa yinjigwa mu mpera z’umwaka w’i 2018

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments