Inyuma y’ aho Uburundi bufatiye ingingo yo kwugarira amashirahamwe mvamakungu kubera kudakurikiza amategeko y’Uburundi mu bijanye no gutanaga akazi, ingaruka ni nyinshi zibonekeza kubera ayo mashirahamwe yahora afasha cane mu Burundi.
Ingaruka ya mbere ni ubutunzi bw’igihugu buhabonera kandi bwari busanzwe bumeze nabi.
Ikinyamakuru kimwe co muri kenya, The East African, carabajije umutegetsi umwe w’ayo mashirahamwe mvamakungu ico Uburundi bugiye guhomba.

Uwo mutegetsi yamenyesheje ico kinyamakuru ko ‘ayo mashirahamwe mvamakungu yirukanwe mu Burundi yatumye Uburundi buhomba imilioni 280 y’amadolari y’Abanyamerika ku mwaka( hafi ica kabiri c’amafaranga leta y’Uburundi ikoresha ku mwaka).
Izindi ngaruka zibonekeza cane ni ubukene bw’igitoro bwasubiye kuba ndanse hafi mu gihugu cose na cane cane mu gisagara ca Bujumbura.
Ikindi kintu kiriko cibonekeza cane mu gihugu inyuma y’aho amwe amwe mu mashirahamwe mvamakungu agiriye ni ubukene bw’amafaranga yagaciro(devises) mu banyagihugu.
Mu gihe idolari rimwe ry’abanyamerika ririko ryababa 2800 fbu, abihweza ibintu n’ibindi bamenyesha ko rishobora no kurenza 3000 fbu mu misi iri imbere.
Umukozi umwe asanzwe akorana nayo mashirahamwe mvamakungu yamenyesheje ko ubukene bw’amafaranga y’agaciro bushobora kwunyura ibintu mu Burundi nko kubura igitoro n’ibindi.
Yamenyesheje ko ‘amafaranga y’agaciro yabuze cane kubera ko ayo mashirahamwe mvamakungu ariyo yayinjiza cane, mu gihe rero yagiye aca ajana nivyayo’.





Recent Comments