Abantu bane bitavye Imana bakubsiwe n’inkuba, ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana nk’igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota mirongo itatu, ku musozi Gatwaro, komine Kiremba, intara ya Ngozi.
Abo bantu bariko bakina urukino rw’umupira w’amaguru ku kibuga c’i Gatwaro, imvura iragwa, bamwe muribo baja kwugama munsi y’igiti kiri kuri ico kibuga.
Inkuba yarakubise batandatu muribo, babiri bitaba Imana aho nyene, abandi babiri bapfira ku bitaro vy’i Kiremba.
Abandi babiri bariko bavurirwa ku bitaro vy’i Kiremba.
Mu giporisi kijejwe gukinga impanuka bahanura abantu kwirinda kuja kwugama munsi y’ibiti, mu gihe imvura iriko iragwa.






Recent Comments