Umugabo w’imyaka 60 azwi kw’izina rya Gishatsi Methode yahora aba ku musozi Karangara, mu ntara ya Kayanza yishwe akubiswe imipanga n’umurwi w’abantu bane bamutegereye ariko arataha. Uwo mugabo yiciwe hamwe n’umuhungu wiwe NTIRANYIBAGIRA Methode w’imyaka 15 bariko baratahana.
Ubwo bwicanyi bwabereye ku musozi Kanyinya, zone Muriza, komine Butaganzwa, intara ya Kayanza nyene, nk’igihe c’isaha imwe n’iminota 30 yo kuri uwu wa gatatu igenekerezo rya 16 Nzero 2019.
Abo bantu babiri bategerewe bavuye kw’isoko ya Batye. Ababanyi bumvise induru baranyarukiye gutabara, ariko bakaba basanze abo bantu babiri bamaze kwitaba Imana, n’ababishe bamaze kwiruka.
Mu giporisi c’Uburundi bikeka ko ubwo bwicanyi bwoba bufitaniye isano n’amatati y’amatongo Gishatsi Methode yari afitaniye n’umubanyi wiwe NZOKIRANTEVYE Gervais, uwo nawe akaba yafashwe ku mvo z’amatohoza.
Mu gukurikirana aboba bakoze ubwo bwicanyi, abanyagihugu barafashe abantu babiri aribo NDUWIMANA Nicolas hamwe NTIRAMPEBA Isaac, uwo wa mbere akaba yaciye yicwa n’amahiri yakubiswe n’abanyagihugu.
Abantu batatu nibo bari mu minwe y’igiporisi, ku mvo z’amatohoza.






Recent Comments