Ikibazo c’impunzi z’abarundi ziba hanze y’igihugu kiriko kibandanywa citabwaho n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya, ubu naho Ubumwe bwa Buraya buheruka gutanga imasfahanyo y’amafaranga anagana na miliyoni 6 z’amadolari y’Abanyamerika(imiliyaridi zirenga 15 z’amarundi) ku bw’imfashanyo yo gufasha izo mpunzi.
Iryo shirahamwe rikaba rikwije imfashanyo y’amafaranga ashika kuri miliyoni 15 z’amadolari(imiliaridi irega 40 mu mafaranga y’amarundi) uyu mwaka afashijwe impunzi z’Abarundi ziba hanze y’igihugu c’Uburundi.
Christos Stylianides ajejwe ibibazo vyo kugarukira ku bantu mu Bumwe bwa Buaraya yamenyesheje ati: “Akarere kariko karahura n’ibibazo vyibagiwe kandi bitagira imfashanyo ku mpunzi z’Abarundi. Abenshi mu mpunzi z’Abarundi bahiga ubuhungiro muri Tanzania n’Urwanda. Ariko besnhi muri bo bakaba babura ivya nkenerwa harimwo n’ibifungurwa. Ubumwe bwa Buraya, ku bw’ivyo, buriko bwongereza imfashanyo kugira haboneke imfashanyo ikwiye”.
Uburundi hamwe n’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ntibicana uwaka kuva mu mwaka wa 2015 kuva Petero Nkurunziza yiyamamarije kwitoreza ikindi kiringo, aho Ubumwe bwa Buraya bwaciye buhagrika gutanga imfashanyo zija muri Leta y’Uburundi.
Ubumwe bwa Buraya bukaba bwagiriza Uburundi guhonyanaga agateka ka zina muntu. Ivyo navyo leta y’i Bujumbura ikaba ivyamirira kure.
Ubu biaragarara ko imfashanyo yohawe leta y’Uburundi iriko ihabwa abarundi bahunze igihugu c’amavukiro mu mwaka wa 2015.





Recent Comments