Abasoda b’Abarundi ntibemera gutahanwa bava i Somalia.

0

Inyuma y’aho Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika rimenyeshereje ko ryafashe ingingo yo gutahukana abasirikare bashika ku 1000 bavanwa mu gihugu ca Somalia bari mu mugambi wo kubungabunga amahoro n’umutekano, igisirikare c’uburundi ciyamirije iyo ngingo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru co mu Bwongereza, Daily Mail, amenyesha ko umuvugizi wa gisirikale c’Uburundi, Colonel Biyereke Floribert yasohoye itanagazo ku w’Imana twarangije amenyesha ko Uburundi butariko bwemera ingingo yo gutahukana abasirikare bashika ku gihumbi b’Abarundi gushika ku wa 28 Ruhuhuma 2019.

Mw’itangazo ryasohohwe na Colonel Biyereke Floribert, uwo muvugizi w’igisirikare c’Uburundi amenyesha ko ‘hakwiye kujaho umugambi wo kuraba ko habaho abasirikare banaka bavanamwa mu gihugu ico arico cose gifise abasoda muri Somalia, atari abasoda b’Uburundi gusa’.

Igihugu c’Uburundi ni kimwe mu bihugu bifise abasirikare bashika ku 5400 muri Somalia, inyuma ya Uganada ifiseyo 6200, hamwe na kenya, Djibouti na Ethiopia biri munsi gato.

https://twitter.com/PDWilliamsGWU/status/1076275812503048197

Umugambi wa AMISOM muri Somalia ukaba washinzwe mu mwaka wa 2007 ku mvo yo kuja gutuza ba gaterabwoba bo muri Somalia, Al Shabbab.

Itangazo ry’Ubumwe bwa Afrika ryo gutahukana abasirikare b’Uburundi rikaba ryasohotse mu gihe hari hasanzwe hari umubano mubi hagati y’Uburundi n’iryo Shirahamwe ku bijanye n’agateka ka zina muntu.

Umukozi umwe wo mu Bumwe bwa Afrika atashatse kumenyekana izina yabwiye AFP ko ‘abasirikare b’Abarundi bari muri Somalia badatunganjijwe neza mu bijanye n’igisoda, ko ariyo mpamvu ituma baba aba mbere mu gutahanwa mu Burundi’.