UBM News ads

Ishirahamwe ry’abashingwamanza batagira imbibe ryugawe mu Burundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe mpuzamakungu ry’abashingwamanza batagira imbibe (Avocats Sans Frontieres) ryafashe ingingo y’ukudasubira gukorera mu Burundi, aho akaba ari inyuma y’imyaka 20 iryo shirahamwe ryari rimaze rikorera mu Burundi, mu bikorwa bitandukanye vy’ugufasha kuburana abanyagihugu batagira uburyo bw’ukuriha abashingwamanza.

Ibiro vy’iryo shirahamwe bizoba vyugawe mu Burundi kuva kuwa 31 Kigarama 2018, muri iryo shirahamwe bakavuga ko badashobora gushira mu ngiro ivyasabwe amashirahamwe mpuzamakungu kugira yemererwe kubandanya akorera mu Burundi.

Nk’uko biri mw’itangazo ryasohowe n’iryo shirahamwe mpuzamakungu ry’abashingwamanza batagira imbibe, abarongoye iryo shirahamwe bavuga ko biyumviriye neza basanga muvyo Reta y’Uburundi yasavye harimwo ivyo badashobora gukurikiza, kuko biteye kubiri n’akarangamutima k’iryo shirahamwe.

Tubibutse ko iyo ngingo y’ishirahamwe mpuzamakungu ry’abashingwamanza batagira imbibe ifashwe inyuma y’aho inama nkuru ijejwe umutekano w’Uburundi imenyeshereje ko kuva mu ntango za Gitugutu uwu mwaka amashirahamwe mpuzamakungu yose akorera mu Burundi ategerezwa gusubira kwiyandikisha mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, muvyo asabwa kugira asubire kwererwa gukora hakaba harimwo kwemera gucisha amafaranga y’agaciro akoresha mw’ibanki nkuru y’igihugu, hamwe n’ukwubahiriza ukungana kw’amoko y’abakozi bakorera ayo mashirahamwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments