Mw’itangazo ryasohowe n’umukuru w’igihugu ca leta Zunze Ubuwe za Amerika, Donald J. Trump, rirashira ahabona umugambi musshasha wa Amerika ku bijanye n’uko ico gihugu ca rutura kw’isi cahora gifasha ibihugu bikiri mu nzira y’amajambere ko ugiye guhinduka.
Muri iryo tanagazo, ibihugu vy’Uburundi, Belarus, Belize, Bolivia, Burmanie, Ubushinwa, Comoros, RD Congo, Guinea Equatoriale, Gabon, Iran, Laos, Mauritania, Papua New Guinea (PNG), Sudan y’Epfo, Turkmenistan na Venezuela vyahagaritswe ku rutomde rw’ibihugu bifashwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.
Iryo tanagazo ryasohowe itariki 29 Munyonyo 2018, rimenyesha ko imfashanyo ibi bihugu vyahabwa na Leta Zunze Ubumwe za Amerika zitazobandanya mu gihe ibi bihugu bitazoba birajana n’igihe ku bijanye n’ukwbahiriza agateka ka zina muntu, na cane cane mu bijanye n’urucuruzwa rw’abantu.

Umuhanuzi w’umuntekano wa Amerika, John Bolton(kw’ifoto), yamenyesheje nawe kandi ko ibihugu vya Afrika vyatwawe cane n’ico yise ‘ubushumba’ bitezwa n’Ubushinwa hamwe n’Uburusiya.
Bolton yamenyesheje ko Amerika itazobandanya ifasha ibihugu vya Afrika usanga abakuru bavyo aribo bitungisha mu gihe abanyagihugu babo bariko barapfa n’ubukene.





Recent Comments