UBM News ads

Aba CNDD-FDD bati: “Tuzobashiririza kandi tuzogahinyanyura”.Vyoba bisobanura iki?

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Muri video iriko ikwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi, harimwo abagumyabanga baririmba n’akanyamuneza kenshi ko ‘bazoshiririza abatavuga rumwe na CNDD-FDD’ hamwe no ‘kugahinyanyura’.

Hari abibaza ico ayo majambo amwe amwe aririmbwa n’Abagumyabanga asobanura. Ikinyamakuru canyu UBM News carabajije umwe muri abo bagumyabanga insobanuro yayo majambo.

Bitandukanye n’uko abenshi bibaza ko ijambo “gushiririza” risobanura ‘guturira’,uwo mugumyabanga tudashimye kuvuga amazina yatubwiye ati:”Gushiririza bisobanura guhindura umuntu atari umu CNDD-FDD hama akaba umugumyabanga wa CNDD-FDD…aho haca haza ya majambo ya ‘ibipinga, injavyi’ ni kuvuga abo bose batumva umugambi wa CNDD-FDD“.

Tumubajije ico ‘kugahinyanyura‘ bisobanura, uwo mugumyabanga yatwishuye mu buryo butadomako, ariko biragaragara ko yashastse kuvuga mu gihe c’amatora ko ‘hakorwa ibishoboka vyose(guhinyanyura)hama umugambwe CNDD-FDD ugatsinda amatora’.

Soma kandi: Umugumyabanga wa CNDD-FDD yandikiye Evariste Ndayishimiye ikete ryo ku mugaragaro.

Ariko rero, abatavuga rumwe na Leta bama babona ko izo video ari izo gutera ubwoba abatavuga rumwe n’umugambwe CNDD-FDD.

Bamwe baravye uko abagumyabanga baziririmba baba bamerewe, baca bibaza nimba mu vy’ukuri bibaza ko hari abandi Barundi n’Bbarundikazi bakenye muri rusangi, mu gihe bobo usanga bibereyeho mu buzima bwiza kuruta.

Raba iyo video hano ivuga ivyo ‘gushiririza’ no ‘kugahinyanyura’:

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments