Ishirahamwe International Crisis Group(ICG) ryashize ahabona icegeranyo ejo bundi ku musi wa gatanu itariki 31 Myandagaro 2018 kimenyesha ko ‘ubutunzi bw’Uburundi bubangamiwe n’intureka zimaze imyaka itatu kuva mu mwaka wa 2015’, aho Petero Nkurunziza yatorerwa gutwara ikiringo cateye impari nyinshi mu Burundi,mbere gushika nubu.
Ico cegeranyo ca ICG kimenyesha giti: “Ingaruka mbi y’izi ntureka ziri mu Burundi , ubutunzi bw’igihugu bwarasubiye hasi cane biteye ubwoba, kandi iterambere mu vy’imibano n’ubutunzi ryari ryabonetse inyuma yaho intambara irangiriye mu myaka ya 2000 ryarasubiye inyuma”.

ICG ikamneysha ko ikura ry’ubutunzi bw’Uburundi ryavuye kuri 4,2% hagati ya 2004 na 2014, hama rija kuri 3,9% mu 2015 hama risubira hasi cane ku bice 0,6% mu mwaka wa 2016.Ico cegeranyo kandi kimenyesha ko ‘abarundi batari bake bahitamwo gukora ubuzi bubiri canke burenga canke bagakoresha ibijanye n’ibiturire bitaboneka kugira babone kwibeshaho’.
“Abanyagihugu batari bake [mu Burundi] bariko baribonerako. Abarimyi n’abadandaji bariko bahangana n’ibibazo kubera ko ata bagura ivyabo…abadandaza mu ma boutiques nabo bakamenyesha ko basigaye batanga ibintu ku mukopo“, niko ico cegeranyo ca ICG gishira ahabona.
ICG ikaba isaba ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya, irisanzwe ryarahagaritse imfashanyo yaja muri Leta y’Uburundi, kwongereza imfashanyo mu banyagihugu bamerewe nabi, na cane came bicoye mu gukomeza ashirahamwe atari aya leta(ONG).





Recent Comments