
Mu nama iheruka kuba hagati y’abarongye urunani rutavuga rumwe na Leta arirwo CNARED-GIRITEKA mu Bubiligi ku mganekerezo ya 24 gushika ku 26 Ntwarante 2018, umuvugizi w’urwo runani Pancrace Cimpaye yarakuriye inkoni ku gishitsi ko abatamba ko CNARED yiciyemwo ibice bovyikuramwo nyabuna ko CNARED ikomeza yunga ubumwe hagati y’abagize urwo runani. Ivyo bibaye inyuma yaho bamwe muri CNARED bitwariye umukuru warwo Jean Minani ko ‘ayobora nabi’.
Au terme d'une réun° des organes dirigeants du @cnaredburundi qui a duré 3 jrs, la plateforme de l'opposit° bdaise rend public sa satisfact° sur sa cohés° & sur sa lutte coordonnée contr la dictature u pvr de Buj. Que ts ceux qui ont chanté pr l'éclatement du #CNARED déchantent pic.twitter.com/5zRbz3GPHa
— Anicet Niyonkuru (@AnicetNiyonkur1) March 26, 2018
Nk’uko Pancrace Cimpaye abimenyesha, mu mpera y’ino nama y’imisi itatu, abatavuga rumwe na Leta y’i Bujumbura “barishimira ukuntu bafatanye mu nda hamwe no kurwaniriza hamwe ugutwaza igikenye kw’intwaro y’i Bujumbura…abibaza ko CNARED yiciyemwo ibice nibasezere ico ciyumviro“, niko Pancrace Cimpaye abimenyesha.
Urunani CNARED-GIRITEKA rukaba rwaciye rushira urwandiko ahabona, itangazo rivuga ko ‘CNARED iremesha abanyagihugu b’Abarundi naho batorohewe munsi y’intwaro y’i Bujumbura’ CNARED ikaba ifise intumbero kandi imwe ihurizwako na bose nayo ikaba ari iyi : “Kurwaniriza hamwe kandi bivuye inyuma umugambi wo guhinyanyura ibwirizwa-shingiro hamwe n’ingaruka zishobora kuva kw’iryo hinyanyurwa’.
#OLUCOME vous félicite. Ceci a toujours été le souhait de l'OLUCOME que les politiciens soient ensemble&unis. @IGIHE_Burundi @RadioIsanganiro @iwacuinfo @Baconib @MissyMuneez @mcaburundi @NduwimanaJR @Ikiriho https://t.co/qx2NSOScXm
— OLUCOME Burundi (@olucome_burundi) March 27, 2018
Bamwe bamwe bakaba bagaragaje akanyamuneza kubona CNARED yasubiye gufatana mu nda. Akarorero nako kakaba ari ak’Ishirahamwe OLUCOME rirongowe na Gabriel Rufyiri aho rishimira CNARED riti: “OLUCOME rirabashimiye cane. iki nico camye ari icipfuzo ca OLUCOME ko abanyapolitike boja hamwe bakongera bakunga ubumwe”.





Recent Comments