UBM News ads

CNARED Iriyamiriza ‘Isekeza Ryo kwandika Abantu Ku Nguvu’.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kubera bimaze kwibonekeza ko hariko hibonekeza abantu bahata abantu ngo biyandikishe bazokwitabe akamara mpaka ko guhakana canke kwemeza ihinyanyurwa ry’ibwirizwa-shingiro, Urunani rutavuga rumwe na Leta CNARED rwavuye mu gacerere maze rwiyamiriza ‘Isekeza Ryo kwandika Abantu Ku Nguvu’.

Bimwe mu vyo CNARED yashize ahabona ni ibi :

1. « Bitandukanye n’amatangazo atariyo yashizwe ahabona n’umugwi ujejwe amatora…, abanyangihugu benshi baramaze kwerekana ko batanezwe cane n’urwo rusansuma rw’ako kamarampaka. »

2. « Kubera ko bimaze kugaragara ko abanyagihugu bitaho buhoro iryo yandikwa,niho haciye hatangura ivyo gukoresha inguvu mu kwandika abantu.»

3. « Ako kamarampaka kaza gahonyanga ingingo ya 299 y’ibwirizwa shingiro, maze kagaburamwo kubiri abarundi, abakarwanya bakibonerako, abagashigikiye bagashimirwa.Ivyo navyo bishobora gushikana ku yandi mabi hamwe no guhunga kw’impunzi kandI ».

4. « CNARED irasubiyemwo kandi kumenyesha ko yiyamirije ako kamarampaka kaza gahamba amasezerano y’i Arusha…ku bw’ivyo CNARED igasaba abanyagihugu kutaja muri ako kamarampaka ».

5. « CNARED-GIRITEKA ikaba isaba vyihuta EAC, Ubumwe bwa Afrika, Ubumwe bwa Buraya na ONU gushiraho ibihano bikaze kugira Leta y’i Bujumbura yumvishwe neza ko ako kamarampaka kabwirizwa guhebwa. »

Vyinshi ushobora kubibona kuri runo rwandiko rwashizwe ahabona na CNARED:

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments