Inama yari itegekanijwe kubera i Goma yigijwe inyuma

0

Inyuma y’aho habaye itangazo rya bukwi na bukwi ko reta y’Uburundi itazokwitaba inama yari yatumweko n’umukuru w’igihugu ca Kongo, Felix Tshisekedi, iyo nama yaciye yigizwa inyuma.

Ku makuru dukeshja ikinyamakauru co muri Kongo, kimenyesha ko iyo nama yigijwe inyuma ikazoba ku wa 23 Nyakanga 2020 naho iyo tariki nayo nyene ari iyiciyumvirwa(date probable).

Iyo nama yari guhuza abakuru b’ibihugu vya Kongo, Urwanda, Uburundi, Uganda na Angola ikaba yari yitezwe gutangura uyu musi wa mungu igenekerezo rya 13 Nyakanga 2020.

Isoko ry’iyi nkuru rikamenyesha ko impamvu yatumye iyo nama yigizwa inyuma zitamenyeshejwe n’ubuserukizi bwa reta ya Kongo, ariko impamvu nyamukuru yibonekeje akaba ari ukuba Uburundi bwahisemwo kutitaba iyo nama yari kubera muri Goma.

Iyo nama ikaba yari yatumweko na president wa Kongo mu ntumbero yo kwiga ku bibazo bihanze akarere.

Ariko rero, hisunzwe ivyo reta y’Uburundi yashikirije biciye mu bushikiranganji bw’imigenderanire n’ayandi makungu, Uburundi bwavuze ko imbere y’uko igihugu ca Kongo gihamagaza iyo nama hari kubanza kuba inama hagati y’ibihugu bibiri(Burundi na Kongo)kugira higwe ibibazo binaka imbere yo kuja muri iyo nama.

Igihugu ca Kongo nta nyishu cahaye reta y’i Gitega atari gusa guca cigiza inyuma iyo nama yari itegekanijwe kuba ku wa 13 Nyakanga 2020.