‘Kuza mu Burundi n’indege ni kubanza gusaba uruhusha’, Gervais Ndirakobuca

0

Mw’itangazo umushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Gervais Ndirakobuca, atazirwa Ndakugarika, yashize ahabona riravuga ko ubu guhera ubu abarundi bose baba hanze bazobanza gusaba ‘uruhusha rudasazwe(autorisatiuon speciale) kugira binjire mu gihugu c’Uburundi.

Nk’uko ico canditse cagiye ahabona kibvuga, uwushaka wese kuza mu gihugu c’Uburundi aca ku kibuga c’indege citiriwe Melchior Ndadaye ategerezwa kubanza gusaba urwo ruhusha mu bushikranganji bw’intwaro yo hagatri mu gihugu.

Ivyo Ndirakobuca yabivuze yisunze ibiheruka kuba aho indege y’ababiligi, Brussels Airlines yankiwe gushika ku kibuga c’indege ca Bujumbura mu kwezi guheze maze bituma bishira mu bibazo ingenzi zari zamaze gukata amatike yo kuza mu gihugu c’Uburundi.

Ico canditswe Ndirakobuca akaba yacandikiye umugenduzi mukuru w’igipolisi ko yoshira mu ngiro iyo ngingo nshasha ku bijanye n’Abarundi bashaka kuza mu Burundi.

Mwomenya ko n’ubu reta y’Uburundi ata ngingo irafata yo kwugurura ikibuga c’indege ca Bujumbura, na rirya hariho abarundi bataro bake bakwamiye hanze y’igihugu kubera ikiza ca Koronavirus.