Igihugu c’Urwanda naco kimenyesha ko Uburundi bwateye Urwanda

0

Igihugu c’Urwanda naco kimenyesha ko Uburundi bwateye Urwanda naho umukuru w’Uburundi, Petero Nkurunziza yamenyesheje ko yemeje ko igihigu c’Urwanda cateye Uburundi mu burengero bw’Uburunduri mu ntara ya Cibitoki.

Ivyo vyavuzwe n’Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’Urwanda Vincent Biruta kuri ayo makuru amaze kwemezwa gusa na leta y’Uburundi.

Vincent Biruta akavuga kandi ko Uburundi ari bwo bumaze gutera igihugu c’Urwanda bubifashijwemwo n’Abarwanya igihugu c’Urwanda(bivugwa ko bakunze gucumbika mu gihugu ca Kongo canke Mu Burundi imbere yo gukora ibitero).

Kuri ivyo, Biruta yaciye amanyesha ko igihugu c’Urwanda citeguriye kuja mu biganiro n’igihugu c’Uburundi mu gihe Reta y’Uburundi yovyemera.

Mwomenya ko ishiramawe ry’ibihugu vy’ibiyaga biniNI, CIRGL, ryari ryarungitse abatohoza ku bijanye n’igitero cahitanye abasirikare b’Abaruundi bashika ku mirongo mu ntara ya Cibitoki ariko gushhika ubu akaba ata cegerenayo kirashirwa ahabona n’iuwo murwi.

Abihweza ibintu n’ibindi bakabona ko nyabuna ibihugu vy’Urwanda hamwe n’Uburundi bidakwiye kwagirizaya amakosa yo guterana mu vya gisirikare ahabwo ko vyari bikwiye kurindira icegeranyo c’uwo murwi kikaja ahabona.