Gerenade yatewe ku rugo rw’uwutwara igiporisi i Muramvya

0

Umutekano warahungabanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu ku rugo rw’uwutwara igiporisi mu ntara ya Muramvya, ahatewe Gerenade.

Iyo Gerenade yatewe ku rugo rwa Isidore RYAKIYE, umukuru w’igiporisi mu ntara ya Muramvya, urugo ruri muri komine Ndava, intara ya Mwaro.

Abajejwe intwaro muri komine Ndava bamenyesha ko iyo Gerenade ataco yononye, kuko yaguye ku bwinjiriro bw’urwo rugo (Portail.)

Abakoze ico gitero ntibamenyekanye.