Buterere : Abanyeshure bugaraniye mu biro umuyobozi wabo

0

Akarwi k’abanyeshure indwi bo kw’ishure ryigisha ubuvuzi ryo muri karitiye ya Buterere mu gisagara ca Bujumbura bo mu mwaka wa nyuma bugaranye mu gatondo ko kuri uwu wa mbere umuyobozi w’iryo shure, bongera bamwaka Terefone ngendanwa yiwe.

Mu giporisi bamenyesha ko ayo makuru bayamenye kare, baca bihutira gutabara. Abo banyeshure bariko basaba ko umuyobozi wabo atera umukono ku mpapuro z’umutsindo zabo kandi barayobewe.

Mu giporisi baciye bata muri yompi abo banyeshure indwi, batwarwa kwumvirizwa n’imyamiramabi. Abo nabo akaba ari Niyonkuru Epson, Niyonkuru Eric, Nsavyumukama Yvette, Mukecuru Lidine, Nzeyimana Oda, Ndayikeza Marie Louise hamwe na Nukuri Françoise.