Monday, September 26, 2022
HomeNewsIsanganya ku banyeshure b'ishure ryisumbuye rya Matana

Isanganya ku banyeshure b’ishure ryisumbuye rya Matana

Abanyeshure umunani bagizwe n’abahungu batanu hamwe n’abakobwa batatu nibo bakomeretse mw’isanganya ry’imodoka ryabereye kw’ibarabara Matana-Kiryama-Bururi, muri zone Gisandema, komine Matana.

Iryo sanganya ryabaye mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zibiri n’iminota mirongo itatu z’ijoro. Imodoka yo mu bwoko bwa Dyna y’ishure ryisumbuye rya Bururi yaratembagaye, ikaba yariko yunguruza abanyeshure b’ishure ryisumbuye rya Bururi hamwe n’abo kuri ETS Kiryama.

Abo banyeshure umunani bakomeretse baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro bikuru vya Matana.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...