UBM News ads

Jacques Bigirimana yagiriza Rwasa Agathon gutegura ikiroberi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’aho Agathon Rwasa atangarije ko ashinze umugambwe wiswe FNL Amizero y’Abarundi maze agashikakana igisabo mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kugira wemerwe, umukeba wiwe wa mbere, Jacques Bigiriaman, incuti yiwe ku rugamba, ishavu riraniga, maze akagiriza Rwasa ko ariko ‘ategura ikirobeli’.

Jacques Bigirimana, yegereye cane ubutegetsi bw’i Bujumbura, akaba kandi avuga ko atavuga rumwe n’ubutegetsi bw’UBurundi, aragabisha ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu kutemererera Rwasa Agathon ko agira umugambwe wemewe n’amategeko.

Igitangaje Jacques Bigirimana yavuze ni uko ngo ‘hamwe umugambwe mushahsha wa Rwasa Agathon utokwemerwa mu Bushikirnagnji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, Umushingamateka Rwasa Agathon azoca atanguza Intambara.

Ku bwa Jacques Bigirimana, Agathon Rwasa akaba atashatse ko higera haba amatora canke ibiganoro. Bigiriana akaba amenyesha ko ko Rwasa ari umunyentambara yizera gusa ko inzira nyayo yo gushikira ubutegetsi bwo kuyobora igihugu c’Uburundi ari ugukoresha ibigwanisho.

Ku bw’ivyo vyose vyagirizwa Rwasa Agathon, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati bumenyesha ko buriko bwihweza ibisabo bibiri:Ica Bigirimana Jacques hamwe n’ica Agathon Rwasa.

Ariko rero, abihweza ibintu n’ibindi bakabona ko igituma Jacques Bigirimana ariko aca hirya no hino ni kubera abona ko ari nka hamwe Rwasa yoronswa umugambwe wemewe n’amategeko atosubira kuronka abanywanyi bamukurikira nk”intama ziwe’, ko bose boca baja kwa Rwasa Agathon.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments