NEWS

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu vyabwiwe gukinjura mu Burundi.

on

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu mu Burundi vyategetswe kwugara ibiro vyavyo mu Burundi, nk’uko bimenyeshwa na Associated Press.

Umuvugizi w’ivyo Biro i Geneve,Ravina Shamdasani,yamenyesheje Associated Press ko ‘bakiriye ikete ribahamagarira kwugara ibiro vyabo mu Burundi’.

Turababaye kuba hafashwe iyo ngingo…kandi twashaka kubandanya dukorana n’Uburundi, niko Ravina Shamdasani yamenyesheje. Akaba atashimye kugira vyinshi amenyesheje kubera ico ari ‘ikibazo co kwitonderwa’.

AFP ivuga ko ubutumwa busaba ivyo biro kwugara bwashikirijwe umuhuzabikorwa w’ibikorwa vya ONU mu Burundi, Garry Conille, ku musi wa gatatu.

Bamusavye gushikiriza ubwo butumwa Michelle Bachelet arongoye ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu kw’isi bifise icicaro i Geneve.

Ku bw’inkuru ya BBC, umuntu umwe atashatse kumenyekana izina yavuze:”Abakozi bose mpuzamakungu (bashika nka cumi), bategerezwa kurungikwa ahandi vyihuta, ibiro na vyo bikaba bifise amezi abiri kugira vyugare.”

Leta y’uburundi irabandanya ibikorwa vyo kwigenga mu makungu, ariko rero ivyegeranyo vyerekana ko igice kinini c’Abarundi kidashobora kubaho hatabaye imfashanyo mpuzamakungu.

Recommended for you