Monday, September 26, 2022
HomeNewsRuyigi : Sentare yaciye urubanza rw'uwishe umuvyeyi wiwe

Ruyigi : Sentare yaciye urubanza rw’uwishe umuvyeyi wiwe

Sentare Nkuru y’igihugu ya Ruyigi yaraye kuri uwu wa kane ihanishije umunyororo w’impaga w’ubuzima bwiwe bwose uwitwa NIYONSABA Juvenal.

Uwo yaciriwe urubanza na Sentare nkuru y’igihugu ya Ruyigi yagiriwe n’icaha c’ukwica se wiwe GAHUNGU Sylvestre.

Muri urwo rubanza nyene, nk’uko bivugwa na Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa, uwitwa NDINZEMENSHI Agathe nawe yahanishijwe umunyororo w’impaga w’imyaka 20 yagiriwe n’icaha co kuba yarafashije umuhungu wiwe Juvenal muri ubwo bwicanyi bwakorewe uwo mugabo GAHUNGU Sylvestre.

Agnes BANGIRICENGE umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa amenyesha kandi ko kuri uwu wa gatanu ariho hategekanijwe urubanza rw’ikibiriraho, rw’uwishe arashe umugore wiwe, yongera akomeretsa n’amasasu umwana wiwe mbere akaba nawe yahavuye yitaba Imana.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...