Abategetsi batari bake b’Uburundi n’abakuru b’imigambwe barahagurutse bariyamiriza itangwa ry’impuzu za gisirikare mu makambi y’impunzi z’Abarundi mu gihugu ca Tanzania.
Umugambwe uri ku butegetsi wasavye mbere ko leta y’Uburundi yokwitwarira HCR kuri ico gikorwa co guha impuzu za gisirikare ku mpunzi z’Abarundi muri Tanzania.
Inyuma y’iyo nkuru, UBM News yatohoje neza isanga n’ivyukuri impuzu HCR yarazitanze ku mpunzi z’Abarundi muri Tanzania mu makambi ya Mtendeli na Nduta mu mwaka turangije, ariko ko ‘izo zifatwa ko ari iza gisirikare HCR itigeze izitanga, ahubwo yazishize ku ruhande’, nk’uko itangazo rya HCR ryamenyesheje.

HRC muri iryo tangazo yashize ahabona mu ndwi iheze, yamenyesheje ko izo mpuzu zahawe impunzi zavuye mu ‘bagiraneza bigenga‘, maze HCR ica ifata izo ‘mpuzu zitabereye’ zishirwa ku ruhande ntizahabwa izo mpunzi.
Isoko ry’iyi nkuru yacu rigira riti: ” Mu gihe co gutanga izo mpuzu, ivyabaye hariho abategetsi bo muri Tanzania, HRC n’abandi bakorana na HCR barabonye mu mpuzu zatanzwe ko harimwo ‘izitabereye’, harimwo n’izindi zo mu bwoko bwo ‘kwihisha'(Camouflage) z’abahungu n’abagabo’.
HCR yaciye ifata izo mpuzu zaciye zitangazwa ko ari iza gisirikare izishira ku ruhande maze ntizahabwa izo mpunzi kubera ko ‘itegeko rya Tanzania ritemerera abanyagihugu kwambara impuzu zitabereye abasivile’.
HCR ikaba yamenyesheje ko igiye kuza irakora amasuzuma yitondewe imbere y’uko impuzu zihabwa bwa mfashanyo ku mpunzi z’Abarundi muri Tanzania.





Recent Comments