NEWS

Agathon Rwasa Asaba Umukuru W’Ingabo Gufuta Ingingo Yo Guhindura Abajejwe Umutekano Wiwe.

on

Mu gihe hafashwe ingingo yo guhindura abajejwe umutekano w’umushingamateka Agathon Rwasa maze agahabwa abapolisi kandi yahora acungerewe umutekano n’abasoda, uyo mushingamateka yafashe ingingo yo kwandikira urwandiko umukuru w’ingabo ko yofuta ingingo yo guhindura abamucungerera umutekano.

Muri iryo kete Agathon Rwasa yanditse, aragaragaza amakenga ku mutekano wiwe maze akavuga ko kuva mu 2010 yagumye afise amakenga ku mutekano wiwe, maze agasaba umukuru w’ingabo ko yoguma acungerewe umutekano wiwe n’abasirikare gusa.

Abenshi batanguye kwibaza impamvu ziriko ziratuma Agathon Rwasa ahindurirwa abamucungereye, bamwe bakibaza ko nyabuna Leta igomba gutangura kumwigiza inyuma ku rubuga rwa politike kugira ntazobe ‘intambamyi’ mu matora ya 2020. Uko biri kwose, umushingamateka Agathon Rwasa ntiyorohewe.

Soma ngaha iryo kete yandikiye umukuru w’ingabo w’Uburundi amusaba ashimitse ko yoguma arindiwe umutekano n’abasirikare gusa, atari abapolisi, kuko ku bwiwe atabizera mu bijanye no kumucungerera umutekano.


Recommended for you