Umukuru W’Igihugu Aragabisha Abatarandikisha Imibano Yabo.

0

Umukuru w’igihugu, Pierre Nkurunziza, yamenyesheje ejo ku musi wa gatanu ko abo bose batarandikisha imibano yabo, ni kuvuga abo bose bafise abagore barenze umwe ko bazohanwa n’amategeko mu gihe vyorenga itariki 31 Kigarama 2017 batarandikisha imibano yabo mu buryo buhuye n’amategeko.

Mu kiganiro co kwishura ibibazo yakoreye mu Kayanza, Pierre Nkurunziza yamenyesheje ati: Amategeko ntiyemerera abagabo kubana n’abagore barenze umwe, abantu batazoba barandikisha imibano yabo mu buryo buhuye n’amategeko imbere y’uko uyu mwaka urangira bazohanwa n’amategeko”.

Nkurunziza yamenyesheje ko umugabo ashobora kugira abagore benshi n’abana barenga 30 batanditse na hamwe, maze bigatuma Uburundi bugira ibitigiri bitari vyo vy’abanyagihugu. Abantu batanditse ntibashirwamwo mu migambi y’igihugu y’iterambere.

“Habaye ugushirwa mu ngiro kw’itegeko ry’ ‘umugabo umwe n’umugore umwe’, tuzoshobora kumenya uko abanyagihugu barwirirana”, niko Nkurunziza yamenyesheje. Ku musi mukuru w’abakozi uyu mwaka itariki 1 ya Rusama 2017, niho umukuru w’igihugu yamenyesha ko bitemewe gutunga abagore barenze umwe hamwe no guharika, ko abatazobishira mu ngiro muri uyu mwaka turangije bohanwe.

Ariko rero naho biri uko, aba Islam, bariyamiriza iyo ngingo, kuko bobo bavuga ko idini ryabo ribemerera kwubakana n’abagore besnhi.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu akaba yaciye amenyesha ko abagabo bafise abagore benshi babwirizwa kubaheba maze bakandikanwa na cane cane n’umugore wa mbere.