Igihugu c’Uburundi cakiriye Abanyagihugu baco bashika ku 45 birukanwe n’igihugu ca Zambia kubera ko bari babaye muri ico gihugu badakurikije amategeko.
Igipolisi c’Uburundi kikamyesha ko abo Barundi birukanywe muri Zambia bakiriwe mu ntara ya Makamba muri Komine Mugina maze bamwe bariko basubizwa mu mihana yabo.
Igipolisi kimenysha ko 15 muribo bava mu ntara ya Makamba, 10 nabo mu ntara ya Rumonge, 1 ava mu gisagara ca Bujumbura, 2 bo mu ntara ya Bujumbura Rural hamwe n’abandi 2 bava mu ntara ya Rutana.

Abandi murabo birukanywe harimwo 4 bava mu ntara ya Bururi, 4 bo mu ntara ya Muramvya,1 wo mu ntara ya Muyinga,3 bo mu ntara ya Gitega, 2 bava mu ntara ya Kanyanza hamwe n’uwundi umwe aturuka mu ntara ya Ruyigi.
Mwomenya ko igihugu ca Zambia gisanzwe gifise Abarundi batari bake, bamwe ata vya ngombwa bafise, bajayo kugira ‘bisununure mu Buzima’.
Ariko bamwe bamwe muri abo Barundi birashika bakibwa utwo bafise n’abanyagihigu babasangwa canke bakirukanwa bakazanwa mu Burundi ata na kimwe bazanye.
Abarundi batari bake kandi, na cane cane abakiri bato barahitamwo gufata urugendo rurerure baja kurondera ubuzima muri Zambia.
Bamwe bararonirwa bagashikayo abadi nabo bagahera mu nzira bivanye nuko inzego z’uruja n’uruza zitabibakundira.





Recent Comments