Yohani MINANI yemeza ko ataciwe intege n’iyugarwa ry’ihoteri yiwe

0

Ihoteri Top Hill iri mu Kirundo, ikaba yegukira Yohani MINANI umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI irugawe kuva kuri uwu w’Imana. Muganga Yohani MINANI avuga ko abayugaye barondera agatwe kiwe, ariko ko atazocika intege, akavuga ko azobandanya kwurwanya intwaro mbi y’ubutegetsi bwa Petero NKURUNZIZA.

Iyo hoteri y’umunyeporitike Yohani MINANI asanzwe ari mu buhungiro yugawe inyuma y’igitero c’abantu bitwaje ibirwanisho bateye ku murwa mukuru w’intara ya Kirundo, kuri uwu w’Imana, mu bunywero bwarimwo Abagumyabanga ba CNDD FDD bari bavuye gusozera indwi yahariwe umurwanyi. Muri ico gitero, umuntu umwe yaritavye Imana, abandi batanu barafatwa.

Ubutegetsi bwo mu ntara ya Kirundo bwaciye bufata ingingo y’ukwugara iyo hoteri, bayagiriza ko abagizi ba nabi bakoze ico gitero ariho baraye.

top

Muganga Yohani MINANI, umwe mu banyeporitike barwanya ikiringo ca gatatu ca Petero NKURUNZIZA amenyesha ko iryo rementanya ariko arakorerwa ata kindi rirondera atari agahanga kiwe. Kubw’uwo arongoye umugambwe SAHWANYA FRODEBU NYAKURI, ingingo y’ukwugara ihoteri yiwe yo mu Kirundo n’iy’i Bujumbura igamije kumutera ubwoba kugira areke gushira ahabona amabi akorwa n’ubutegetsi bw’i Bujumbura. Muganga Yohani MINANI avuga ko atazocika intege, ko azobandanya kurwanya Reta ya Petero NKURUNZIZA irangwa n’ubusuma, ubwicanyi, hamwe n’ihohoterwa rya kiremwa muntu.

jean