Godefroid NIYOMBARE na Alain Guillaume BUNYONI bafatiwe ibihano

0

Barack OBAMA, umukuru w’igihugu ca Reta zunze ubumwe za Amerika, yamenyesheje ko intwazango zine zo kw’ipete rya Général zafatiwe ibihano, kubera uruhara zazo mu mabi ariko aribonekeza mu Burundi.

Abo bategetsi bane bafatiwe ibihano ni Général Alain Guillaume Bunyoni umushikiranganji w’umutekano, Général Godefroid Bizimana icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi c’Uburundi, Général Major Godefroid Niyombare yahoze arongoye ibiro bikuru vy’igendereza, hamwe na Général Major Cyrille Ndayirukiye yahoze arongoye ubushikiranganji bw’ukwivuna abansi.

nda

Reta ya Amerika imenyesha ko n’abandi bategetsi babangamiye amahoro n’intwaro rusangi mu Burundi bagiye gufatirwa ibihano.