Yaounde yoba yarirukanywe burundu mu mugwi wa Vitalo’o fc?

0

Nyuma yaho akomborewe uwahora ari umumenyereza w’umugwi wa Vitalo’o fc kw’igenekerezo rya 29/12/2015 agasubirizwa n’umumenyereza Etienne yigeze kumenyereza umugwi wa Lydia Ludic Burundi akanawuha n’igikombe,Kanyankore Gilbert Yaounde ntiyirukanwe burundi nkuko benshi bavyibaza iyo nkuru ikimenyekana
kanyenkore gilbert yaounde
Aganira na bamwe mu bamenyeshamakuru uwurongoye umugwi wa Vitalo’o fc ariwe Bikorimana Benjamin yavuze ko Yaounde atirukanywe burundu ahubwo yahagaritswe ku kibanza c’umumenyereza gusa muga yagumye mu mugwi wa vitalo kandi hari ayandi mabanga yahawe muri uyo mugwi,n’umushahara azoguma ahembwa wawundi nyene yaora ahembwa
yaounde uwahoze amenyereza vitalo
Tworangiza tubamenyesha ko no murukino Vitalo yakinye kuruno munsi na Les Jeunes Atletic uyo mumenyereza yari muri Staff y’umugwi