Sat-B aratera akamo abarundi ngo bamutore muri Kora Awards

0

Bizimana Aboubackar Karoum abenshi bamuzi kw’izina rya sat-b aratera akamo abarundi bose ko bomutora kugira arabe ko ashobora gutahukana ikibanza ca mbere mu mahiganwa ya Kora Awards azobera mu gihugu ca Namibie mu kwezi kwa gatatu uyu mwaka nyene wa 2016
satura
Abicishije ku rubuga rwiwe ngurukana bumenyi rwa facebuk,sat-b akaba yanditse ati:
‪#‎uburundi‬ n igihugu ciza
#uburundi n igihugu c abagabo, kirimwo impano zitandukany ivyemeza ni vyinshi n iki kirimwo
ndizera y uko abarundi (10.000.000)
boja hamwe bagashigikira iki gikorwa natwe twokwiyambika iteka muri africa yose no mu makungu kuko uwugariwe n ingwe ara voma.
uno mwaka rero wa 2016 twararonse amahirwe yo guhangana n abandi baririmvyi bo muri africa vuba itariki ya 20/01/2016 amatora nyayo azoba atanguye mukoresheje imihora ya telefone zanyu . mukuntora wandika muri message ijambo :
kora 13 ugaca urungika kuri +248984000 umurundi w umutima akunda igihugu iki gikorwa ntiyo gifata minenerwe. ushaka kumenya vyinshi baza kuri izi (whatsapp number) +250787091669 murakoze cane

Tworangiza tubamenyesha ko Sat-b azoserukira uburundi m’ihiganwa Kora Music Award arikumwe n’abandi baririmvyi b’abarundi nka:Eddy Kamoso hamwe na Kidum