Yakatiwe uwo guherayo

0
Bujumbura_Mairie: Umunyororo wo guherayo n’indishi y’akababaro y’imiriyoni 30 nico gihano sentare isubiramwo imanza ya Muha yaciriye intwazangabo y’ipete rya lieutenent-colonel, Blaise Nimpagaritse.
Uwo musirikare Yagiriwe n’icaha co kwica yabiteguye umukozi wo mu bunywero buri muri karitiye Kinanira muri zone Musaga komine ya Muha, mw’ijoro ryo ku wa 31 Ntwarante rishira uwa 1 Ndamukiza.
Lieutenant-colonel Nimpagaritse yemeye icaha yakoze akaba yasavye n’ikigongwe umuryango w’umuhisi.
Urubanza rwiwe rwari rwasivye ku munsi wa kane, rwungururizwa kuri uyu wa mbere kuko uwagirizwa yari yasavye sentare kuburana ari kumwe n’umushingwamanza.