Umurimyi w-ibigori agiye kubukura mu cibo.

0

Leta y-uburundi ibicishije k-umushikiranganji w-uburimyi n-ubworozi imenyesha ko igiye kugurira abarimyi  umwimbu w-ibigori bazoba bimbuye  ku giciro c-amafaranga  680 Fbu ku kilo c-intete aho naho akazoba ari ukuhera igenekerezo rya 12 Ndamukiza 2021 mu makomine yose agize uburundi.Approches WOCAT de GDT

Abarimyi batari bake barakenguruka iyo ngingo kuko bazokwikenura muri vyishi ndetse bakihanagura akuya babize bariko bararima binatume kandi bibatera intege zo kurima bakarushirizaho.

Tubibutse kandi ko Leta yariheruka kufata ingingo yo  guhagarika kwinjiza mu gihugu ifu canke intete z-ibigori mu ntumbero yo guha agaciro  ibigori vy-ib- burundi nanyabuja Leta yaheruka gutangaza ko umwimbu w-ibigori uy-umwaka w-uburimyi  ari mwinshi cane