UBM News ads

‘Samuragwa’ ati : ‘Mu misi yahera bavuga amatora, ubu naho bavuga Corona’

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru wa CNDD-FDD akongera akaba yitezwe guhiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu, Evariste Ndayishimiye, mu matora yo ku wa Rusama 2020 yaraye avuze ko ‘Coronavirus ariyo iraje ishinga Abarundi gusumba amatora’.

Mu masanamu yiwe yashizwe ahabona, Ndayishimiye Evariste benshi bita ‘Samuragwa’ avuga ati:  “Mu misi yahera bavuga amatora, ubu naho bavuga Corona…nimutekane kuko Coronavirus ni ingwara ishika nk’izindi kubera ko vyanditswe muri Bibiliya’.

‘Samuragwa’ yabandanije avuga ko Abarundi batoshushwa umutwe na Corona kubera na batatu barwaye yishikiye kubaraba asanga bafise amagara meza.

Ndayishimiye akaba yavuze ko Abarundi bogira ico batinya maze maze abatahora bemera ko mwisi hashika ibiza bagiye ‘kwihana kubera bavyiboneye n’amaso yabo bwite’.

Kurikirana ngaha ivyo Evariste Ndayishimiye batazira ‘Samuragwa avuga:

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments