Woba uzi ibilo vy’ubutare Uburundi bwacukuye mu mwaka uheze?

0

Umushikiranganji w’amasoko ntanganguvu,ubutare n’agataka amenyeshako amafaranga binjiza yavuye mu gisata c’ubutare yarenze kuyo bategekanya gushika ku bice 140 kw’ijana.

Mu kiganiro ariko ashikiriza ivyaranuwe n’ubwo bushikiranganji mu mwaka wa 2017,Come MANIRAKIZA atwara ubwo bushikiranganji yamenyesheje ko mu mwaka wa 2017 binjije amafaranga arenga imiriyaridi 4 y’amafaranga y’amarundi mu gihe ayari yategekanijwe kuronka yangana imiriyaridi 3.

Gushikiriza amafaranga yinjiye avuye mu gisata c’ubutare vyari kujana no kwerekana uko ayo mafaranga yakoze n’ico yakoze.Haraciye imisi ishirahamwe ryishinje gukangurira abarundi guhindura ingendo n’ivyiyumviro PARCEM rimenyesheje ko amafaranga ava mu gisata c’ubutare n’agataka ataho yigera yerekanwa mu mafaranga Reta itegekanya gukoresha buri mwaka.

Umushikiranganji Come MANIRAKIZA yamenyesheje ko ubutare bwacukuwe mu mwaka wa 2017 bungana ibilo 726.245,25 bugizwe na kasiterite,Wolframite,Coltan hamwe n’ubutare butavanguye ariko ibilo bingana 655.402,60 vyabwo bukaba bwaradandajwe.

Mu mwaka wa 2017 habonetse ibiro vy’inzahabu 1 953,02813 hamwe n’itoni 50 zo mu bwoko bwa Terres rares.Mw’ishirahamwe PARCEM ntibasiba gusaba ko hokwerekanwa ibintu birangurwa bivuye mu mafaranga ico gisata cinziza.

Uburundi buza mu bihugu 4 vya nyuma bikenye kw’isi aho umunyagihugu ahururwa kwinjiza amadorare ari musi ya 300 ku mwaka.Ivyo bitandukanye n’ibindi bihugu vya Afrika y’Ubuseruko aho umunyagihugu waho yinjiza 600$ ku mwaka.