Master Bk:Vuba bitege ikintu gishasha

0

Umuririmvyi w’umurundi asanzwe akorera akazi kiwe mu gihugu ca mozambique ariwe Master Bk agiye gushira ahabona indirimbo imeze neza cane,indirimbo izokundwa n’abantu atari bake hano mu gihugu cacu bivanye n’amajambo ari muri iyo ndirimbo,indirimbo yakoranye nuwundi muririmvyi w’umurundi asanzwe atavyorosha cane mu muziki ndundi ariwe floris,indirimbo yitwa ”Intare”
master bk
Nkuko rero Master Bk yashoboye kubivuga igihe yariko aganira n’abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru ubmnews akaba yavuze ko ahimbawe cane kubona agiye gusohora iyindi ndirimbo nyuma y’igihe kinini cane cari kihaciye adasohoye indirimbo,Master Bk akavuga ati:numva nishimye cane kubona indirimbo yanje nise ”Intare”igiye gusohoka,ndazi kandi ndizeye ko niyamara gusohoka abantu bazoyikunda cane kandi ko izovuzwa cane mu gihugu canje

Tworangiza tubamenyesha ko kubatazi Master Bk umviriza hano imwe mu ndirimbo yiwe yakoze arikumwe n’umuririmvyi Smoll Dog,indirimbo yakunzwe cane:
https://www.youtube.com/watch?v=uRoTMsMufzU