Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeInternational newsVladmir Poutine asaba abakuru b'ibihugu vya Afrika gutangura kwigisha ururimi rw'ikirusiya...

Vladmir Poutine asaba abakuru b’ibihugu vya Afrika gutangura kwigisha ururimi rw’ikirusiya mu mashure.

Umukuru w’igihugu c’uburusiya Vladmir Poutine asaba abakuru b’ibihugu vya Afrika gutangura kwigisha ururimi rw’ikirusiya mu mashure. Mw’ijambo ryiwe yashikirije mu nama igira kabiri yahuje uburusiya na Afrika yabereye i st Petersburg, perezida Poutine yamenyesheje ko igihugu ciwe citeguye gufasha cane Afrika mu gisata c’indero.

Russian President Vladimir Putin addresses the plenary session of the Russia-Africa Economic and Humanitarian Forum in St. Petersburg, Russia, Thursday, July 27, 2023. (Yegor Aleyev/TASS Host Photo Agency Pool Photo via AP)

Vladmir Poutine yagize ati :«Turabasaba mugende muvyiyumvireko kugira hatangure kwinjizwa ururimi rw’ikirusiya mu mashure, mu kwagura ubushuti no gukuraho intambamyi»

Nkuko tubikesha ikinyamakuru The star, Perezida Poutine yongeyeko avuga ko igihugu ciwe kiriko gishaka ukwo cozana kaminuza zo mu burusiya mu bihugu vyinshi vya Afrika. Mu gihe ibitigiri vy’abanyeshure b’abanyafrika vyiyongera mu Burusiya , Poutine yavuze ko ari amahirwe akomeye ku banyeshure benshi bo muri Afrika yo kwiga mu Burusiya.
«Ndasaba abanyafrika cane cane urwaruka kugendera uburusiya . hamwe n’ibikorwa bikomeye vy’inkino bitegekanijwe mu 2024, abakinyi ba afrika barasabwa cane kuzokwitabira ayo mahiganwa tuzoba dufise mu kwezi kwa Ruheshi mu mwaka uza» Niko Umukuru w’uburusiya yongeyeko avuga.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments