Wednesday, September 27, 2023
No menu items!
HomeInternational newsRussie-Afrique :Uburusiya bwagiriza ibihugu vyo mu burengero bw'isi kuba arivyo vyabujije abakuru...

Russie-Afrique :Uburusiya bwagiriza ibihugu vyo mu burengero bw’isi kuba arivyo vyabujije abakuru b’ibihugu vya Afrika kwitabira inama ku bwinshi.

Abakuru b’ibihugu vya Afrika bagera kuri 17 nibo bonyene baza kwitabira inama ya kabiri ihuza uburusiya n’ibihugu vya Afrika mu bijanye no gukomeza ivyo gufashanya mu vya politike, mu mutekano, mu butunzi no mu bindi,…iza gutangura kuba kuri uyu wa kane irangire kuri uyu wa gatanu. kubera ko igitigiri c’abakuru b’ibihugu vya Afrika bitavye iyo nama ari gitoya cane ugereranije nuko Kremlin yari ivyiteze, Uburusiya bwaraye bwagirije ibihugu vyo mu burengero bw’isi harimwo cane cane Amerika ko arivyo vyateye igitsure abakuru b’ibihugu vya Afrika kugira bireke kwitabira iyo nama.

«Biragaragara ko abakuru b’ibihugu vyose vya Afrika batewe igitsure na Amerika. Ambasade z’ubufaransa nta ruhara vyabigizemwo (…) eka ndetse n’ubundi buserukizi bwo mu burengero bw’isi ntakwo butakora kugira bubuze iyo nama ko iba» Niko Dmitri peskov, umuvugizi wa perezida w’uburusiya yabwiye abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri.
Intumwa 49 kuri 54 zo mu bihugu bigize afrika nizo zamenyesheje ko zizokwitabira iyo nama. Muri izo ntumwa, 17 zikaba zizoserukira ibihugu vyazo zirongoye nayo izirenga 30 zikaba zahisemwo guserukirwa n’abashikiranganji ba mbere, ivyegera vy’abashikiranganji ba mbere hamwe n’abashikiranganji, nkuko vyamenyeshejwe na Dmitri Peskov. Ariko ico gitigiri uburusiya bubona ko ari gito cane bugereranije nico bwari bwiteze.

Tubamenyeshe ko kuva aho uburusiya butangurije intambara mu gihugu ca Ukraine, ibihugu vya Afrika vyagiye bisabwa n’ibihugu vyo mu burengero bw’isi kwerekana aho bihagaze. Nka vyose mw’ivyo bihugu vyagiye vyerekana ko ataho bihagaze, ivyababaje ibihugu bimwe bimwe rutura vyo kw’isi nka Leta zunze ubumwe za Amerika aho yagumye ishaka Afrika itera ivyatsi ku ntambara uburusiya bwatanguje muri Ukraine.

RELATED ARTICLES
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments