Umukuru w’igihugu c’uburundi asaba mugenzi we w’uburusiya Vladmir Poutine kumutabaza ibikoresho bijanye no gucungera umutekano w’inzego.Perezida Varisito Ndayishimiye akaba yabishikirije mu nama ihuza igihugu c’uburusiya n’ibihugu vya Afrika yarangiye kuri uyu wa gatanu mu gisagara ca st.petersburg.
Mw’ijambo ryiwe, Perezida Ndayishimiye akaba yarashimagije igihugu c’uburusiya ko kitameze nk’ibindi bihugu vya rutura. Akavuga ko Ico gihugu kitanga imfashanyo kitarinze kubwiriza ivyo bikora na cane cane na politike hamwe n’agateka ka zina muntu.
Perezida Ndayishimiye yagize ati: «Turiyamirije ivyitwazo vy’agateka ka zina muntu rimwe na rimwe usanga birengeje urugero bikoreshwa n’ibihugu bimwe bimwe kugira bibashe kugendura isi mu mishamirano hagati y’ibihangange bimwe vyo kw’isi yaba iyifatiye kubijanye no kwivanga kw’isi mu bijanye na gisirikare , canke imishamirano ifatiye kuvy’ubudandaji (…)ibihugu vyikukiye vyari bikwiye guhabwa uburenganzira bwo kwihitiramwo uwo bifashanya bifatiye ku vyipfuzo n’ubugombe bw’abanyagihugu bavyo. Nico kimwe n’ibijanye no guhitamwo intumbero ya politike, y’ubutunzi , uburongozi n’imico, ni igihugu gitegerezwa kwihitiramwo ukuntu kivyifatamwo gifatiye aho ibihe bigeze hamwe n’inyungu zaco»
Yarongeyeko kandi ati :«… nyakubahwa perezida ndabatakambiye mufashe uburundi mu bijanye n’umutekano w’inzego mu kuturonsa ibikoresho hamwe n’ivyuma vyo gutumanatumanako muvya gisirikare. Mboneyeho kandi kubashimira ku buryo mwaturambarayeko mu buryo butandukanye gihe cose igihugu canje cari cashizwe ku rutonde mu gahotoro rw’ibihugu ONU yamizako ijisho»
Kubera rero ivyo uburusiya bufasha uburundi, Perezida Ndayishimiye akaba yaciye amenyesha ko yiyemeje ko uburundi buzoshigikira uburusiya igihe cose ico gihugu kizoba kiriko kirwanira inyungu zaco.
Recent Comments