Sat-b yoba yatumiwe kw’ishure ryo mu Ngangara aho bita kuri Mungala?

0

Nyuma yaho umuririmvyi Mugani Desire abenshi bazi kw’izina rya Big Farious aziriye mu giteramo cabereye kw’ishure ry’ibiyaga binini(lycee du lac tanganyika),uwundi muririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu c’urwanda ariwe Bizimana Aboubackar Karoum abenshi bazi kw’izina rya sat-b nawe yoba agiye kuza mu giteramo catunganijwe n’ishure ryo mu ngangara aho benshi bita kuri Mungala nkuko amakuru dukesha bamwe mu bavukana nuyo muririmvyi
sat-b
Nkuko rero bamwe mu bavukana na sat-b bamenyeheje ikinyamakuru cacu ubmnews bavuga yuko uyo muririmvyi sat-b kw’igenekerezo rya 25 z’uku kwezi kwa gatandatu azoba ariko araririmba kw’ishure ryo mu ngangara aho benshi bita kuri Mungala kuko ngo n’amahera bavuganye yose yamaze kuyahabwa hasigaye gusa yuko umunsi ugera uyo muririmvyi akaririmba.

Tworangiza tubamenyesha ko hamwe uyo muririmvyi yoramuka agarutse mu burundi yoba agarutse nyuma y’umwaka urenga atari hano mu gihugu ciwe c’amavukiro