Sunday, March 26, 2023
HomeSportsVital'o yanyagiwe ibitsindo 6 ku busa na Simba FC muri Tanzania

Vital’o yanyagiwe ibitsindo 6 ku busa na Simba FC muri Tanzania

Umugwi waserukiye Uburundi mu rukino rwahuje imirwi ya Tanzania hamwe n”Uburundi ariyo Simba FC na Vital’o Burundi wanyagiwe ibitsindo bitandatu vyose ku busa bwa Vital’o.

Abariko bavuga uko urwo rukino rwagenze hagati ya Simba FC na Vital’o FC bariko bagereranya ukwo gutsindwa kwa Barcelona ibitsindo vyinshi bishika 6 n’umurwi w’Abadagi ariwo Bayern Munich mu misi iheze.

Abandi kandi barabona ko umurwi wa Vital’o wamaramaje igihugu c’Uburundi cane mu gutsindwa bigeze hiyo.

Abandi baranandika ku mbuga ngurukana bumenyei zabo nka Twitter ko kubona abakinyi ba Vital’o batsindwa gushika hiyo hose ari ukubura ‘ugukunda igihugu’ arivyo bita ‘patriotisme’ maze bakavuga ko bimaramaje.

Ku ruhande rwa Simba FC boba barishimira iyo ntsinzi ininahaye cane.

Umumeneyereza w’umrwi wa Simba FC yari yavuze imbere y’urwo rukino ko umurwi w’Abarundi atari uwo gufata minenerwe kubera ko bataravye neza botsindwa.

Wewe nawe ubona Vital’o yaramaramaje Uburundi mu gutsindwa gutyo?

Must Read